NEWS

Ubumwe bwa Buraya busaba Abarundi kubandanya ibiganiro.

on

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya risaba Abarundi kubanfanya ingendo y’ibiganiro mu ntumebero yo gutegura kazoza keza ku Barundi bose.

Ivyo vyavuzwe ku musi wa kane aho ubuserukizi bw’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi bwahimbaza Umusi w’Umugabane wa Buraya(Europe Day)

Wolfram Vetter, aserukira Ubumwe bwa Buraya mu Burundi yamenyesheje ko ubuserukizi bwiwe buzobandanya bufasha Uburundi mu migambi yo kwiteza imbere, nko mu bijanye n’amagara n’ibindi.

‘Turi hamwe tuzoteza imbere ubutunzi bw’Uburundi kugira Abarundi bamererwe neza…vyose bigakorwa hariko ibiganiro ku bwa kazoza keza“, niko Vetter yamenyesheje.

Uwaserukiye Uburundi muri uwo musi, Bernard Ntahiraja akaba yamenyesheje ko naho Ubumwe bwa Buraya bwashize ibihano ku Burundi, ashima cane uko bafasha mu migambi y’iterambere maze avuga ko ibihano vyafatiwe Uburundi vyovanwaho.

Ubumwe bwa Buraya bukaba bwarafatiye ibihano igihugu c’Uburundi kuva mu mwaka wa 2015, maze imfashanyo yahora itangwa muri leta y’Uburundi irahagarikwa maze ubu iyo mfashanyo ikaba icishwa mu banyagihugu itarinze guca muri leta.

Recommended for you