NEWS

Ubumwe bwa Buraya Bugiye Gutanga Imfashanyo y’Amafaranga Imiliyoni 340 USD Yo Gufasha Impunzi zo Muri Tanzania.

on

Mu gihe hari hagize imisi hibonekeza ubukene bw’ibifungurwa mu makambi y’impunzi zo muri Tanzania agwiriyemwo impunzi z’Abarunndi, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryagarukiye ku mpunzi ziba mu makambi atatu yo mu ntara ya Kigoma muri Tanzanai ariyo Nyarugusu, Mtendeli na Nduta. Ubumwe bwa Buraya bugiye gutanga imfashany y’amafaranga angana na miliyoni 340 y’amadolari y’Abanyamerika( ayarenga imiliyaridi 1000 mu mafaranga y’Amarundi: amafaranaga angana hafi yayo leta y’Uburundi ikoresha ku mwaka) mu gusahiriza izo mpunzi.

Mu makuru yashizwe ahabona n’umumenyesha makuru w’ikinyamakuru co muri Tanzania, The Citizen, yari mu nkambi ya Nduta aho intumwa z’Ubumwe bwa Buraya zari zagendeye ikambi ya Nduta ku bwo kwirabira uko ibintu vyifashe, amenyesha ko Ubumwe bwa Buraya bwiyemeje kandi no gufasha ibigwati vy’abatanziniya bikikuje inkambi z’aho mu ntara ya Kigoma mu kubaha amazi meza, amashure hamwe n’ubuvuzi.

Ubumwe bwa Buraya bukaba bumenyesha ko igice c’ayo mafaranga azoja mu bijanye no gufasha impunzi, ikindi gice kikaja mu bijanye no gufasha ivyo bigwati vy’abatanzaniya bikikuje inkambi z’impunzi za Nduta, Mtendeli na Nyarugusu.

Izo ntumwa z’Ubumwe bwa Buraya zikaba zarashimiye cane igihugu ca Tanzania kubandanya citaho mu kubungabunga ubuzima bw’impunzi ziba mw’ayo makambi nk’uko vyamnye kuva mu mwaka wa 1972.

Ukwo kuntu kwo kwitaho ibigwati bikikuje amakambi kandi bizotuma haba imigenderanire myiza hagati y’impunzi n’abasangwa b’abatanzaniya, ubona ko imigenderanire itari myiza nagato, aho impunzi zagira ngo zirasohotse ikambi, bamwe bakubitwa abandi bakubura irengero ryabo.

Iyo ikaba ije kandi ari inkuru nziza kuri izo mpunzi kubera ko zari mu kwicwa na kigoyi kubera ukugabanuka kw’ibifungurwa vyaghabwa izo mpunzi. Impunzi imwe yaganiriye na The Citizen yamenyesheje iti: “Kubera ukugabanuka kw’ibifungurwa bihabwa impunzi vyari vyatumye bamwe mu mpunzi batangura kwiba ibigori mu mirima ikikuje amakambi. Kenshi twahora dufungura imfungurwa imwe“.

Kigoma ikaba irimwo impunzi zishika 350 000 ziri mu makambi ya Nduta, Nyarugusu na Mtendeli, abarenga 250 000 akaba ari impunzi z’Abarundi zahunze intureka zatanguye kuba ku Burundi kuva mu mwaka wa 2015.

Recommended for you