Thursday, December 1, 2022
HomePoliticsUbumwe bwa buraya bugiye gukuraho ibihano vyafatiwe bamwe mu bategetsi b'uburundi (Varisito...

Ubumwe bwa buraya bugiye gukuraho ibihano vyafatiwe bamwe mu bategetsi b’uburundi (Varisito Ndayishimiye)

Ishirahamwe ry’umuryango w’ubumwe bwa buraya ngo rigiye gukuraho ibihano vyari vyafatiwe mu mwaka wa 2015 bamwe mu bategetsi b’ubarundi mu mwaka.Vyashikirijwe kuri uyu wa kane n’umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye hari mu masengesho yatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD. Ukwo ari bane bose bari mu nzego z-umutekano bakaba babujijwe kudahonyoza ikirenge mu bihugu bigize ubumwe bwa buraya hamwe no gufatirwa amatungo yabo yose. Gervais Ndirakobuca asanzwe ari umushikiranganji wa mbere akaba aza kw’isonga mubafatiwe ivyo bihano.

Mu mwaka wa 2015 mu kwezi kw-icumi niho umuryango w’ubumwe bwa buraya wafatira ibihano abategetsi bane bo mu nzego z’umutekano kubera ko bagize uruhara rukomeye mu bwicanyi n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kuva mu mwaka wa 2015 aho Perezida Nkurunziza yihagiye ikiringo ca gatatu , cari giciye kubiri n’amategeko nkuko sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko mu gisata cayo c’iyungururizo .

Mw’abo bategetsi bafatiwe ivyo bihano, batatu bari mu nzego z’igihugu abo nabo ni : Gervais Ndirakobuca ubu asanzwe ari umushikiranganji wa mbere, uwundi ni Godefroid Bizimana asanzwe ari umuhanuzi mukuru kwa Perezida Ndayishimiye ajejwe ivy’ingendo hamwe na Niyonzima Mathias-Joseph benshi bazi kw’izina rya Kazungu, uwo nawe akaba ari mu bakozi bakorera urwego rw’iperereza ry’uburundi. Uwundi yari yafatiwe ivyo bihano vya buraya ariko yahunze igihugu ni intwazangabo y’ipete rya Jenerari Léonard Ngendakumana akaba yagirijwe kuba yari mu bakoze ihirikwa ry’ubutegetsi bwa perezida Nkurunziza hamwe no kuba yari yemereye mu binyamakuru mu mwaka wa 2016 ko yari mu batera ama gerenade mu gisagara ca Bujumbura ico gihe. Ivyo bihano abo bategetsi kwari bane bafatiwe n’ubumwe bwa buraya bikaba vyari vyerekeye gufata amatungo yabo hamwe no kubabuza guhonyoza ikirenge mu bihugu vyose bigize umuryango wa buraya.

Must Read