Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ririyamiriza ‘umukazo ukorerwa impunzi z’Abarundi’ muri Tanzania kuva mu mwaka wa 2015.
Mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona mu ndwi turangije rivuga ko impunzi z’Abarundi zishirwako umukazo cane wo gutaha kandi atari ku gushaka kwazo.
Nk’uko iryo tangazo ribishira ahabona, Maya Sahli-Fadel, ajejwe ibijanye n’agateka ka zina mu ntu mu muryango w’Ubumwe bwa Afrika, avuga ko ibijanye n’ingingo igenga agateka ak’impunzi muri Tanzania kariko karahonyangwa kandi ko bitera vyunyuka.
Amakuru ashikira Ubumwe bwa Afrika avuga ko impunzi z’Abarundi muri Tanzania ziriko zihohoterwa mu kwugarirwa amasoko, kubuzwa gukora ibijanye n’urudandazwa hamwe nibijanye n’ugutembera.
Ubumwe bwa Afrika kandi buravuga ko hari ibihe usanga mbere impunzi z’Abarundi ziburirwa irengero bakaronderwa bakabura maze bigatera impungenge.
Mwomenya ko impunzi z’Abarundi zishika hafi 400 000 zahunze igihugui c’Uburundi mu mwaka wa 2015 ziheruka gusaba ko zohabwa ubundi buhungiro mu kindi gihugu kigira gatatu.
Reta y’Uburundi na reta ya Tanzania nizo zitungwa agatoke kuri ayo mabi akorerwa impunzi ariko ntaco ayo ma reta arashikiriza kluti ivyo birego vy’Ubumwe bwa Afrika.