NEWS

Ubumwe Bwa Afrika Burakwiye Kwifatira Mu Minwe Ikibazo c’Uburundi.

on

Ikibazo c’intureka zatanguye mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015, nubu zikaba zitarotorerwa umuti, benshi bakaba babona ko ubu hagezweho ko ishirahamwe ry’Ubumwe Bwa Afrika rikora ibishoboka cane kugira umuti w’ikibazo c’Uburundi uboneke.

Ubumwe bwa Afrika bukaba bwahisemwo gushira ikibazo c’Uburundi mu maboko y’Ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yUbuseruko(EAC). Ariko nkuko bamwe bamwe babibona, biragaragara ko EAC yananiwe no gukemura ikibazo c’Uburundi, bamwe bakanavuga ko Abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko bahengamiye cane ku ntwaro y’Uburundi.

Ubumwe bwa Afrika ,nk’abahagarariye amasezerano y’i Arusha, bwari bukwiye guhagarara bushikamye kugira ngo ayo masezerano yo guhagarika intamabra mu Burundi ntazimangane burundu.

Ubumwe bwa Afrika bukaba bwamenyesheje ko ‘hakenwe gusa umwumvikano hagati y’abegwa bose n’ikibazo c’Uburundi‘, ariko ku bihweza ibintu barabona ko amajambo gusa ataco yoshikako hatabaye ibikorwa vyoza bishikana amahora arama ku Burundi.

Ivyo harimwo no kureka abanyapolitike bahungiye hanze y’Uburundi bagafashwa n’Ubumwe bwa Afrika bugakora ibishoboka cane kugira batahuke mu Burundi kugira bicare bayage na leta y’Uburundi kugira hatorwe umuti urama.

Recommended for you