NEWS

‘Ubukene bw’Uburundi na Sudani y’Epfo’ bwatumye EAC igabanya amafaranga ikoresha ku mwaka.

on

Ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrikka y’Ubuseruko, EAC, ryamenyesheje ko kubera ‘ubukene bw’ibihgu vy’Uburundi na Sudani y’Epfo, EAC igiye kugabanya amafaranga ashika ku miliyoni 10 USD ku mafaranga akoreshwa ku mwaka wa 2018/2019.

Mu makuru dukesha ikinyamakuru The Citizen, umuhagarikizi w’abashikiranganji ba EAC, Kirunda Kivejinja, yamenyesheje ko ibihugu vy’Uburundi ‘bidatanga bishemeye intererano isabwa muri EAC kugira ngo bikorwa vy’uwo muryango bibandanye neza’.

Uwuhagarariye Inama Nshikirangani ya EAC,Kirunda Kivejinja(hagati) ari kumwe n’uwuserukira Uburundi muri EAC, Isabelle Nahayo(@Havmoses)

Nk’uko ubunyamabanga bwa EAC bubimenyesha kandi, ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’Epfo bikaba bitararungika intererano yavyo y’uyu mwaka muri EAC.

Buri gihugu mu bihugu bitandatu bigize EAC kikaba citezwe gutanga intererano y’amafaranga ashika ku miliyoni 8,3 USD bwa ntererano ya buri mwaka kandi akaba yitezwe kuba yatanzwe gushika itariki 31 Kigarama.

The Citizen imenyesha ko amafaranga ya EAC ku bw’umwaka wa 2018/2019 yabwirijwe kugabanywa gushika ku miliyoni 99,7 USD ugereranije na miliyoni 110 USD yakoreshejwe na EAC mu mwaka wa 2017/2018.

Ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’Epfo bikaba bibandanya bija hasi cane mu butunzi, aho ni mu gihe iyongererekana ry’ubutunzi mu Burundi ku mwaka(GDP) ari ibice 1,3%, Sudani y’Epfo nayo ikaba ifise GDP ya 3,5%.

Recommended for you