NEWS

Ubukene bw’mafaranga y’agaciro n’ingaruka zavyo.

on

Muri iyi misi ya vuba hagize imisi hibonekeza ubukene budasanzwe bw’amafaranga y’agaciro(devises) mu gihugu c’Uburundi.

Mu gisagara ca Bujumbura aho amafaranga y’agaciro akoreshwa cane mu kwikenura mu bintu bimwe, ubu idolari ry’abanyamarika rikaba rigurwa amafaranga y’Amarundi 3000 FBU hama ifaranga ry’abanyabura rya Euro naryo rikagurwa 3300FBU.

Mu ntango z’uko kwezi kwa gatandatu amafaranga y’agaciro abandanya akena cane kandi akabandanya aduga cane.

Mu mabanke amwe amwe bisigaye bishika aho babura nuko batanga inoti y’amadolari ijana ari hamwe kubera ubukene bwazo maze bagatanga twa tunoti dutoduto.

Ingaruka mbi zatanguye kwibonekeza na cane cane nko ku Barundi batunzwe no kuja kurangura hanze baca babura uko bakora kubera ubukene bw’amafaranga y’agaciro.

Iyo naho hagize ibidandanzwa vyinjinzwa naho ugaca usanga bizimvye cane kubera nabo baba babiranguye ku mafaranga menshi kubera banakoresha ama doloari canke ama euros mu kbirangura hanze y’igihugu.

Kuri leta, mu gihe hakenye amafaranga y’agaciro mu kigega ca leta bica bituma leta ibura uburyo bukwiye bwo kwinjiza ivya nkenerwa mu gihugu nk’igitoro, ukuriha amadeni n’ibindi.

Recommended for you