NEWS

Ubukene bw’isima ya BUCECO bwimonogoje.Biva kuki?

on

Haraheze imisi itari mike hibonekeza ubukene bw’isima yo mu bwoko bwa BUCECO ikorerwa mu Burundi, maze abakenera iyo sima bakibaza ikibituma bakabura kandi ihingurirwa mu Burundi.

Ivyo vyashitse na cane cane mwiri kena ry’amafaranga y’agaciro mu Burundi, nk’uko abubabatsi bamwe bamwe babivuga.

Ubu idolari rikaba rikivunjwa 3000 FBU naho leta yari yagerageje kurimanura gushika ku 1850, ariko biranka kubera ata mafaranga y’agaciro ari mu Burundi ku bwinshi muri iyi misi, nkuko abavunjayi bamwe bavuze.

Leta imaze kumenya ko abadandaza b’isima yo mu bwoko bwa BUCECO aribo bikika mu kiza maze bakaduza ibiciro, ubu bamwe baramaze guhagarikwa, abandi nabo bakaba badashima kugurisha iyo sima ya BUCECO ku giciro leta iyihingura yashinze.

Inkuru iva mu butegetsi ishirwa ahabona imenyesha ko amasitoke y’isima ya BUCECO ariko afatwa kubera ukwo kwanka kugurisha isima ku giciro kizwi.

BUCECO(Burundi Cement Company) isanzwe ihingura iyo sima ikamenyesha ko igiciro kizwi c’umufuko w’iyo sima ari 24500 FBU ariko ko abadandaza bamwe bamwe bikika mu kiza bakayigurisha ku bihumbi 29000 FBU!

Naho abo badandaza boba bavuga ko isima ikorerwa mu Burundi yakenye kubera ikena ry’amafaramaga y’agaciro ntivyumvikana kubera ko ikorwa hatabanje kuzanwa ibikoresho vyinshi hanze y’igihugu, nk’uko abubatsi bamwe bamwe babivuga.

Recommended for you