NEWS

Ubukene bw’Imfashanyo Ku Mpunzi Z’Abarundi Mu Rwanda.

on

Ishirahamwe ryegukira idini katolika, Caritas Rwanda, ririko rirasba vyihuta ko hoboneka imfashanyo yo gufasha impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda zishika ku bihumbi hafi 60 000.

Caritas rwanda ikamenyesha ko kugira ngo ubuzima bw’izo mpunzi bumere neza hakenewe n’imiburiburi amafaranga angana n’amadolari y’Abanyameriika hafi 230 000 USD( nk’amarundi arenga imilioni amajana atanu: 500 000 000 FBU), ayonayo akaza yiyongera ku yari asanzwe ahari yo gufasha izo mpunzi.

Izo mpunzi z’Abarundi zishika 57,650 zikaba zahungiye muriyo kambi igihe intureka za politike zaduka mu Burundi mu mwaka wa 2015, kandi bakaba batabona ko haragera ko bahunguka. Caritas Rwanda ikamenyesha ko nizindi mpunzi z’abarundi zakirwa buri kwezi muri yo kambi.

Ubukene bw’imfashanyo mu makambi y’impunzi z’Abarundi haba mu Rwanda na Tanzaniya buragisibije ku buryo impunzi zitaronka imfashanyo ikwiye isanzwe ihabwa impunzi kubera ukubura abagira neza bitanga kugira bafashe. Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi, HCR, riheruka kumenyesha ko ko hatagize igifashwa vyihuta, ikibazo c’impunzi z’Abarundi gishobora kwibagiranwa.

Therese Nduwamungu, umuhagarikizi wa Caritas Rwanda, amenyesja ati: “…Haracakenewe vyinshi vyo gufasha impunzi, na cane cane abarwaye ingwara zidakira, abagwaye ingwara zo mu mutwe hamwe n’abafise ubumuga n’abageze mu zabukuru”.

Recommended for you