Ubukene bw’amahera bwatumye Uburundi bwugara ama ambassades muri Bresil na Canada, eka no muri Sahara Occidental,nk’uko vyashizwe ahabona mu butumwa bwa Twitter ku wa 21 Nzero 2021.
Mu butumwa Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’Uburundi burogowe na Albert Shingiro bwashize ahabona maze buca burafutwa kuri Twitter, haravugwamwo ko reta y’i Gitega igiye kwugara ubuserukizi bw’Uburundi mu bihugu vya Brasil, Canada, kugira habe ‘ukuganya amafaranga’ akoreshwa mu migenderanire n’ayandi makungu.
Ku bijanye no kwugara Ambassade yo muri Sahara Occidental, iyo nkuru ikaba yaciye ifatirwako cane maze ibinyamakuru bitari bike vyo muri ako karere bikaba vyaravuze cane kuri iyo ngingo y’Uburundi.
Ubwo butumwa bwa Twitter bw’ubushikiranganji bw’imigenderanire naho bwafuswe kuri Twitter, ibinyamakuru bitari bike bikaba vyari vyamaze kubika ubwo butumwa.
Ikinyamakuru kimwe kiravuga ko ubukene bw’uburyo hamwe kumbure n’imigenderanire mibi idashemeye vyoba vyatumye Uburundi bwugara ayo ma ambassades muri ivyo bihugu.
Mwomenya ko nyabuna abanyagihugu baheruka nko gusaba ko abarundi bari hanze beshi babura uko bitura ubuserukizi bw’igihigu c’Uburundi mu bihugu bimwe bimwe kugira batunganirizwe, maze ko boronswa ubuserukizi bw’Uburundi muri ivyo bihugu.