NEWS

Ubukene Bw’amafaranga y’Agaciro Mu Burundi N’ingaruka Zavyo.

on

Mu gihe Uburundi buriko buhangana n’igihuhusi c’ivya politike kimaze imyaka ibiri, ubu kuruta ikindi gihe cose hariboneeza ubukene budasanzwe bw’amafaranga y’agaciro( Devises) mu Burundi, na cane cane ku badandaza babeshejweho n’ivyo barangura hanze hama bakabizana mu Burundi.

Uburundi busanzwe bwinjiza ibidandazwa vya nkenerwa bivuye hanze bishika ku bice 80 kw’ijana, gutyo hagaca hakenerwa cane amafaranga y’agaciro kugira ababirangura babone kubizana mu Burundi kubera ko ivyo bidandazwa bigurwa mu mafaranga y’agaciro.

Kuva mu mwaka uheze mu kwezi kwa Myandagaro 2016, abadandaza barahanganye n’ico kibazo c’ubukene bw’amafaranga y’agaciro, ivyo navyo bikaba bituma haba iduzwa ry’ibiciro ry’ibintu vya nkenerwa mu buzima.

Umudandaza umwe yinjiza ibikoresho vyo kwubaka abikuye hanze y’igihugu yavuze ati: Ntitugishobora kuriha abaturungikira ibidandazwa ku buryo bahagaritse kuturungikira ivyo tudandaza. Naho dufise amafaranga akwiye y’amarundi, ntidushobora kuyatanga mu kuzana ibidandazwa bivuye hanze.

Raporo y’Ibanki y’Isi Yose yo mu mwaka wa 2016 yerekana ko ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi bwagumye busubira inyuma bivanye n’uko ivya politike vyifashe nabi.Banki nkuru y’igihugu ntako itagira ariko ibintu birushiriza kwunyuka neza na neza iyo uyaze n’abadandaza.

Bitandukanye n’uko idolari rimwe ry’Abanyamerika risanzwe rigurishwa muri leta, ku yindi soko itazwi, iyo benshi bita Marché Noire, 1 USD rivunjwa ku mafaranga 2970 FBU. Muri leta hoho riracagurishwa ku 1700 Fbu. Mu mezi atarenze atatu ryaduze riva ku 2500 FBU rija hafi ku 3000 FBU.

Recommended for you