NEWS

Ubukene bw’Amafaranga y’Agaciro Buriko Buratuma BRARUDI Ibura Uko Itunganya Ikibazo C’Ibinyobwa Vyabuze.

on

Haraheze imisi itari mike hari ubukene bw’ibinyobwa vya BRARUDI, nko mu gihugu cose. Nk’akarorero, ikinyobwa gikundwa na benshi cane mu gisagara ca Bujumbura arico Amstel ya 65 cl ikaba yarabuze haraheze hafi amezi abiri, ubu naho hakaba hariko hibonekeza ubukene no ku bindi binyobwa vya BRARUDI nk’ikiyeri ca 72 cl.

Ingaruka y’ivyo bintu nuko ivyo binyobwa bica biduga igiciro n’igihe bigize birabonetse. Nko mu gihugu hagati hariho aho usanga ikiyeri ca 72 cl kiriko kigurwa amafaranga 2000 Fbu bitandukanye n’igiciro kizwi ca 1400 Fbu. Amstel ndende nayo 65 cl aho ibonetse ikagurwa 2500 Fbu bitandukanye n’igiciro kizwi ca 1800 FBU.

Igitera ivyo vyose ni ubukene bw’amafaranga y ‘agaciro( Dollar US na Euro) bwabaye ndanse mu gihugu c’Uburundi, nayo akaba afasha cane mu bijanye no kugura ibintu biva hanze y’igihugu c’Uburundi. Mu nama yakoranye n’abagize iryo shirahamwe rihingura ibinyobwa mu Burundi BRARUDI ku wa gatanu w’indwi iheze, uwuhagarariye BRARUDI yaramenyesheje ko ubukene bw’amafaranga y’agaciro buriko butuma BRARUDI ikora nabi.

Inkurikizi nuko BRARUDI yaciye ifata umugambi wo kugabanya ibinyobwea isohora, maze bikagira ingaruka mbi ku bakunzi b’ibinyobwa vya BRARUDI, ubona ko ibice 90 kw’ijana vy’Abarundi basanzwe baharurwa ko banywa ibinyobwa vyambiye, mbere igihugu c’Uburundi kikaza mu bihugu 20 vya mbere kw’isi mu kunywa nkuko amaraporo avyerekana.

Ivyo vyose biva ku bihano biremereye Uburundi bwafatiwe n’abahora babufasha nk’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, n’ibindi bihugu vya Buraya na Amerika badashima uko ibintu vyifashe mu Burundi. Amafaranga y’agaciro ntakiboneka ku buryo yaba Leta idashobora kugira ico ifashije mu kuvyura amashirahamwe amwe amwe nka Brarudi aba yahuye n’ikibazo c’ubukene bwa’amafaranga y’agaciro.

Abihweza ibintu n’ibindi babona ko Uburundi buriko butera bunyika mu nyenga mu gihe atacokorwa mu buryo bwihuta nko kuri iryo shirahamwe rya BRARUDI ryinjiza amatagisi atari make muri Leta. Mbega ibinyobwa navyo bigiye kuba umuzi w’ibuye nk’uko haheruka kuba ikibazo c’ubukene bw’ibitoro mu mezi aheze ?

Recommended for you