Hasubiye kwibonekeza mu bice bitandukanye vy-igihugu c-uburundi ikena ry-ibitoro bwo mu bwoko bwa ˮMazout‟ na ˮessence‟ . Aho ivyo bitoro bigize biraboneka, bimara umwanya urume rumara. Bigatuma abanyagihugu baguma bidoga ko ibikorwa vyabo biguma bihungabana.
Umuvugizi w-ubushikiranganji bw-amazi meza, amasoko ntanganguvu, hamwe n-ubutare n-agataka yamenyesheje mu ndwi iheze ko ubwo bukene bwavuye k-utunenge twibonekeje mu gikorwa co gukwiragiza ico gitoro mu gihugu. Ikindi Leonidas Sindayigaya avuga ko igitoro kiri mu bubiko hamwe n-ikiri mu mayira cinjira mu Burundi hamwe n-icatumweko bimwe bita ˮcommande‟ mu rurimi rw-igifaransa, ko gikwiye mu kurangura imirimo y-igihugu.
Naho Leonidas Sindayigaya avuga ukwo, abasanzwe barangura ivyo bitoro barabeshuza ivyo uwo muvugizi w-ubushikiranganji bubegukira yatangaje, ngo nyabuna ingorane zituma ibitoro biguma bibura mu Burundi ari uko Leta y-uburundi ikenye amafaranga y-agaciro. Barongera bakamenyesha ko mu gihe bahora barangura incuro nka zine mu kwezi ko ubu barangura kabiri gusa, bigatuma barangura igitoro gike ntigishobore kumara imisi myishi.