Thursday, June 8, 2023
HomeNewsUbukene bw-igitoro buriko bwibonekeza buterwa n-ikena ry-amahera y-agaciro,vyemezwa n-abakirangura.

Ubukene bw-igitoro buriko bwibonekeza buterwa n-ikena ry-amahera y-agaciro,vyemezwa n-abakirangura.

Hasubiye kwibonekeza mu bice bitandukanye vy-igihugu c-uburundi ikena ry-ibitoro bwo mu bwoko bwa ˮMazout‟ na ˮessence‟ . Aho ivyo bitoro bigize biraboneka, bimara umwanya urume rumara. Bigatuma abanyagihugu baguma bidoga ko ibikorwa vyabo biguma bihungabana.Incamake y'amakuru y'iwacu yo ku wa 12 nzero 2018 – IWACU

Umuvugizi w-ubushikiranganji bw-amazi meza, amasoko ntanganguvu, hamwe n-ubutare n-agataka yamenyesheje mu ndwi iheze ko ubwo bukene bwavuye k-utunenge twibonekeje mu gikorwa co gukwiragiza ico gitoro mu gihugu. Ikindi Leonidas Sindayigaya avuga ko igitoro kiri mu bubiko hamwe n-ikiri mu mayira cinjira mu Burundi hamwe n-icatumweko bimwe bita ˮcommande‟ mu rurimi rw-igifaransa,  ko gikwiye mu kurangura imirimo y-igihugu.

Naho Leonidas Sindayigaya avuga ukwo, abasanzwe barangura ivyo bitoro barabeshuza ivyo  uwo muvugizi w-ubushikiranganji bubegukira  yatangaje, ngo nyabuna ingorane zituma ibitoro biguma bibura mu Burundi ari uko Leta y-uburundi ikenye amafaranga y-agaciro. Barongera bakamenyesha ko mu gihe bahora barangura incuro nka zine mu kwezi ko ubu barangura kabiri gusa, bigatuma barangura igitoro gike ntigishobore kumara imisi myishi.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...