NEWS

Ubufaransa bwafashe ubutunzi bw’Abategetsi bane b’Uburundi.

on

Igihugu c’Ubufaransa cafashe ingingo yo gufata ubutunzi(gel des avoirs) bw’abategetsi b’uburundi batari bake bagurizwa guhungabanya demokrasi, intwaro y’abanyagihugu, niko ikinyamakuru c’Ubufarsnasa, Ouest France kimenyesha.

Igihugu c’Ubufaransa cafashe ubwo butunzi bw’abategetsi bane b’Uburundi kubera ivyaha bagirizwa gukora mu mwaka wa 2015 aho haduka amagume mu Burundi, bivuye ku gusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza.

Uwuza ubwa mbere yafatiwe ubutunzi n’Ubufaransa ni Godefroid Bizimana, icegera c’uwutwara igipolisi c’Uburundi, yagirijwe ‘gukoresha inguvu zirenze mu guhahaza abanyagihugu’.

Abandi batatu bakaba ari Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika nawe akaba yagirizwa guhoterera birenze abakoze imyiyerekano mu 2015.

Ouest France imenyesha kandi ko  Leonard Ngendakumana, yakora mu biro vy’umukuru w’igihugu, hamwe na Mathias Josepth Niyonzima batazira Kazungu nawe yagirizwa kugira uruhara bimwe bishitse mu guhohotera abakora imyerekano.

Ibihugu bindi nka Amerika, Ubwongereza biramaze gufata ubutunzi bw’abategetsi bamwe bamwe b’Uburundi bagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply