INTERNATIONAL NEWS

Ubucamanza Bukuru Bwafuse Amatora y’umukuru w’Igihugu Aheruka Kuba Muri Kenya.

on

Ubucamanza bukuru muri Kenya bwafuse ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka kuba mu kwezi turangije kwa Myandagaro. Umukuru w’ubucamanza bukuru bwa Kenya, david Maraga, yamenyesheje ko utunenge twaranze amatora y’umukuru w’igihugu, maze avuga ko ayandi matora y’umukuru w’igihugu ategerezwa gusubira gukorwa mu misi 60.

Umugwi ujejwe amatora muri Kenya wari watangaje ko uwahora atwara ico gihugu Uhuru Kenyatta ko ariwe yatahukanye intsinzi mu kwongera kuba umukuru w’igihugu, ariko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya barongowe na Raila Odinga bari bavuze ko imashini zakoreghsejwe n’umugwi utegura amatora zatewe n’abasuma b’amatora mwijoro buca haba itangazwa ry’ivyavuye mu matora( Election hacking), maze bica bituma amajwi menshi aja kwa Uhuru Kenyatta.


Igihugu ca Kenya kibaye ica mbere muri Afrika mu gufuta ivyavuye mu matora n’uwatsinze aza yamaze gutangazwa. Ubucamanza Bukuru bwa Kenya bukamenyesha ko amatora yo muri kenya yabaye itariki 8 Myandagaro atari yakozwe mu buryo buhuye n’Ibwirizwa Shingiro”.

Inyuma y’iryo tangazo ryaje riha umunezero abatavuga rumwe n’ubutegetsi, abashigikiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya baciye bihereza amabaraba baririmba bafise umunezero, bari hanze y’inyubakwa y’ubucamanza bukuru, hamwe no mu bibanza bikomeye bibamwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Recommended for you