NEWS

Ububiligi busaba amatora ahurikiyemwo bose, Uburundi buti ‘Raba ivyawe’

on

Ubuserukizi bw’Ububiligi muri ONU busaba Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU gushiramwo inguv uzishoboka kugira ngo mu Burundi habe amatora ahurikiyemwo bose kandi aciye mu muco.

Ubuserukizi bw’Ububiligi muri ONU bwamenyesheje biciye kuri Twitter ko ‘bwiteguriye gufasha ibishoboka’ kugira uwo mugambi ushikweko.

“Harakenewe ko akarere hamwe na ONU bifasha cane kugira mu Burundi habe amatora aciye ku muco, ahurikiyemwo bose kandi mu mahoro…”, niko Ububiligi bwamenysheje.

Ariko rero ayo majambo y’Ububiligi ntiyakiriwe neza n’abari muri leta y’Uburundi hamwe n’abayishigikiye.

Uwa mbere yayateye ivyatsi ni Albert Shingiro(asanzwe aserukira Uburundi muri ONU), yamenyesheje ko Ububiligi ‘bworaba ivyabwo’ bukareka ivy’Uburundi.

Albert Shingiro yagize ati: “Amatora mu Burundi canke mu Bubiligi ni uburenganzira bwa kira gihugu. Kuyisukamwo utatumiwe ni guhonyanaga amategetko ya ONU hamwe no guhonyanga agateka k’Uburundi. Ntawovyemera”.

Abandi batari bake basamiye hejuru ayo majambo y’Ububiligi mu kuvuga ko ‘Ububiligi atco bufise bwokwigisha Uburundi’ mu bijanye n’amatora.

Mwomenya ko Uburundi n’Ububiligi bisanzwe bifitaniye imigenderanire mibi cane kuva mu mwaka wa 2015 kuva habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikindi kiringo ca Petro Nkurunziza.

Recommended for you