NEWS

Ububiligi burashima ko Petero Nkurunziza ‘atazokwitoza mu 2020’.

on

Igihugu c’Ububiligi cabaye mu bihugu vyakolonije igihugu c’Uburundi cabaye ica mbere mu bihugu vyashimye cane intambwe y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yo kutitoza mu mwaka wa 2020. Ibi bikaba biboneka ko bigiye gusubiza inyuma icuka kibi cari mu Burundi cari kimaze imyaka itatu.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Ububiligi, Didier Reynders, yamenyesheje ati: “Ububiligi burizeye ko abategetsi b’Uburundi bagiye gutangura gukora cane kugira hugururwe neza urubuga rwa politike kuri bose na Demokrwasi, intambwe ihambaye izoshikana ku matora ya 2020.

Didier Reynders

Ububibligi bukaba bwaciye bwihutira gusubira guhamagarira “ibiganiro bidakumira, bihurikiyemwo bose, ata gisabwe” hagati ya leta n’abatavuga rumwe nayo bari mu gihugu n’abari hyanze y’igihugu.

Igihugu c’Ububiligi cahora giterera Uburundi vyinshi mu bijanye no kwiteza imbere, hari haheze igihe kidafitaniye imigenderanire myiza n’Uburundi, na cane kuva mu mwaka wa 2015 aho Petero Nkurunziza yatangaza ukwitoza kandi kuyobora Uburundi.

Recommended for you