NEWS

Ububiligi burasaba ikigongwe ibihugu bwatwaye m’ubukoroni Uburundi, Urwanda na RDC

By

on

Ku mus iwa kane niho umushikiranganji wambere w’igihugu c’Ububikigi, Charles Michel, yasaba ikigongwe imbere y’abashingamateka bico gihugu nkuko bivugwa n’ikinyamakuru New York Times. Bikaba vyari bibaye ubwambere ico gihugu c’Ububiligi gisavye ikigongwe kumabi cakoreye abenegihugu mu gihe c’ubukoroni.

Charles Michel aravuga ko muri rusangi, leta y’Ububiligi yashizeho inagumizaho umugambi wo gukumirana bifatiye k’urukoba na cane cane ku bana bavutse kubavyeyi badasangiye urukoba, ububiligi bukaba busavye imbabazi. Nico gituma Ububiligi buvuga ko uko gukumirana kwabaye ku ntwaro ya gikoroni harimwo no gutwara ku nguvu abo bana bavutse kubavyeyi badasangiye urukoba, nkuko bivugwa na Charles Michel, umushikirangoma wa mbere w’Ububiligi.

Charles Michel akavuga ko bagiye gushiraho ikigega co gufasha abo bana ubu bamwe ari abatama kugira habe amatohoza akwiye kugira habe ububiko bukwiye bw’ingene ayo mabi yakozwe. Aba bantu bavuka ku bavyeyi batandukanye bakazoshobora gusoma impapuro zakera z’ubutegetsi bw’Ububiligi kugira bamenye amamuko yabo.

Ivyo bikaba vyarashimishije amashirahamwe y’abanyafrika agwanya imvangura rifatiye kurukoba. Eka
n’ishengero Katolika rikaba naryo nyene ryarasavye ikigongwe kuba ryaragize uruhara mukwakira no kurera abo bana bambuwe kubavyeyi babo. Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Karerwa Ndenzako, kurubuga rwiwe rwa twitter akaba yanditse ko hari nayandi mabi Ububiligi bwakoze ku ntwaro ya gikoroni bituma bwoza bukaganira n’ivyo bihugu bwatwaye ku ntwaro yabwo ya gikoroni.

Recommended for you