NEWS

Ububare bwo muri komine Mukaza busabwa gusaba abacungera umutekano

By

on

Ivyo bikaba vyavuzwe n’uwurongoye iyo komine Mukaza iri muri mairie ya Bujumbura, Issa Désiré Bazimpaka, mu nama yagirishijwe k’uruyu wa gatanu n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa. Iyo nama ikaba yarimwo abaserukira imigambwe muri mairie ya Bujumbura hamwe n’abajejwe intwaro.

????????????????????????????????????

Issa Désiré Bazimpaka akavuga ko abafise ububare muri komine ajejwe bategerezwa kuba bafise abajejwe gucungera umutekano bashika babiri. Akavuga ko uwutazobikora atazokoroherezwa n’abajejwe intwaro ngo kuko umutekano ni karahara m’uruganda ntibacura.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa akavuga ko basavye ko n’amashengero n’amashure, amasoko ko hari abacungera umutekano atacobuza ko no m’ububare canke aho hose hahurira abantu benshi hoshirwaho abajejwe gucungera umutekano.

Izo ngingo zifashwe kuva aho mu ndwi iheze hiciwe abagwizatunga batatu bariko barivuna akanyota mu kabare kitwa Chez Gilbert n’abandi batatu bagakomereka muri komine Mukaza muri zone Rohero.

 

Recommended for you