Igabanuka ry’ibiciro mu gutumatumanako amakuru mu gihugu canke mu mahanga hamwe no kuronka umurongo ngurukanabumenyi mu buryo bunyaruka ni ubuhinga bugiye gusanga umuntu wese iyo ari biciye mu gutumatumanako amakuru hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi bwa none.
Ibikorwa vyo gushira ahabona igice ca mbere c’ivyaranguwe mu bijanye no gutumatumanako amakuru biciye mu buhinga bwa none cugurujwe icese n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kuri uno munsi wa kabiri, igenekerezo rya 21 Nzero 2014.
Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza icese umuhora ngurukanabumenyi wo gutamutamanako amakuru ukoresha ubuhinga bwa none (fibre optique), umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko umuhora ngurukanabumenyi ukoresha ubuhinga bwa none waje kworohereza igisata co gutumatumanako amakuru, kugira uburyo bwo gutumatumanako amakuru bunyaruke mu bisata vyose vy’igihugu, vyongere kandi binafashe mu bikorwa vyo gukorera ibikorwa ku mugaragaro.
Ubwo buryo bwo gutumatumanako amakuru biciye mu buhinga bwa bwone (BBS= Burundi Backbone System), bukazotuma ibiciro vyo gutumatumanako amakuru bigabanuka mu gihugu c’Uburundi, ibisata vya Reta navyo n’ivyabikorera utwabo bishobore gutera imbere mu bijanye n’ubuhinga bwa none. Ivyo bikazotuma n’igihugu gitera imbere.
Léocadie Nihazi, umushikiranganji ajejwe ivyitumatumanako amakuru mu buhinga bwa none akaba yamenyesheje ko ishirwaho ry’umuhora ngurakanabumenyi ukoresha ubuhinga bwa none (BBS= Burundi Backbone System) vyakozwe mu mugambi wa Reta kugira itumatumanako amakuru ryorohe kuri bose, haba kubari mu gihugu canke abari mu mahanga.
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba yahamagariye abafashije kugira uwo muhora mushasha uhabe mu Burundi, kubandanya bitanga, uwo muhora uzorushirizeho guteza imbere igihugu mu bijanye n’itumatumanako amakuru.
Mwomenya ko amafaranga yatanzwe kugira ubwo buhinga ngurukanabumenyi bushirweho mu Burundi agera ku miriyoni 18 y’amadorari y’abanyamerika. Muri ayo mafaranga, imiriyoni 7,5 zikaba zatanzwe na Reta y’Uburundi ibifashijwemwo n’ikigega c’isi yose (Banque Mondiale). Intara icenda arizo Bujumbura Mairie, Muramvya, Mwaro, Gitega, Karusi, Ngozi, Kayanza, Kirundo na Muyinga akaba arizo zimaze gushirwamwo uwo muhora ngurukababumenyi (BBS= Burundi Backbone System).