NEWS

Twoba Twimirije Ibihe Mu Burundi Ata Biringo Vy’Umukuru w’Igihugu Bizoba Bikihari?

on

Umugwi W’Igihugu ujejwe Ibiganiro Bihuza Abarundi CNDI(Commission National du Dialogue Inter-Burundais ) waraye uhaye icegeranyo ca nyuma c’ibikorwa uyo mutrwi waranguye Umukuru w’igihugu ejo ku musi wa gatanu itarii 12 Rusama 2017.Uwo mugwi urashimika cane cane ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa Shingiro ry’uburundi.

« Abarundi benshi babajijwe barahuza ku cuko hofutwa ibiringo vy’Umukuru w’Igihugu », niko itangazo ryasohowe na Justin Nzoyisaba rivuga, Umukuru w’umugwi CNDI.

Naho biri uko, Nzoyisaba aramenyesha ko hari nuwundi mugwi wabarundi utari uwo kwirengagiza, babona ko ibiringo vy’Umukru w’Igihugu vyogumaho, bitofutwakuko kuko biranga intwaro ya Demokrasi.

Iryo tangazo rya CNDI rimenyesha ko iyo ngingo « yashitsweko habanje kwumvirizwa abantu bashika 26 000 hariko no gushikiriza ivyiyumviro vyabo ».

Ku bw’umugambwe uri ku butegetsi, Evariste Ndayishimiye awurongoye, nta vyinshi ashima kuvuga. Aremeza ko Umugambwe utariyumvira ibibazo bijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu . « Ibibazo bijanye n’Ibiringo vy’Umukuru w’igihugu bitegerezwa kwemezwa n’Inama Rukokoma y’umugambwe », niko Evariste Ndayishimiye amenyesha.

Jeremie Ngendakumana, Uwahoze arongoye Umugambwe CNDD-FDD uri ku butegets,ubu akaba Umuvugizi w’urunani CNRED rutavuga rumwe na Leta, abona ko bivanye nuko ibintu vyifashe mu Burundi atari igihe co guhindura ibwirizwa shingiro. « Abarundi ntibatekanye.Nta musi wijana hadatowe ibiziga. Nimba bashaka guhinyanyura Ibwirizwa Shingiro, bazobikora mu buryo budashemeye », niko Jeremie Ngendakumana avuga.

Umugwi CNDI washizweho itariki 23 Gitugutu 2015 kugira ukore ibiganiro bihuza abarundi kugira hashirwe ku mugaragaro impamvu nyamakuru zituma mu Burundi haba ingorane hama zitorerwe umuti.

Recommended for you