INTERNATIONAL NEWS

Twoba Twegereje Kwinjira Mu Ntambara Ya Gatatu Y’Isi Yose?

on

Indwi irangiye yaranzemwo ibintu bitangaje kandi biteye ubwoba hagati ya Amerika na Koreya Ya Ruguru. Uravye uko ibintu vyakurikiranye mu ndwi turangije, uri ivyaciye ku mbuga ngurukana bumenyi no mu bimenyeshamakuru bitandukanye, wokwibaza ko Intambara ya Gatatu Y’Isi yose yegereje.

Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump hamwe n’umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un bari bamaze imisi baterana amajambo aca ivutu ku vyerekeye umugambi wa Koreya ya Ruguru wo guhingura no kugerageza ibigwanisho ruhonyanganda, ivyo ico gihugu ca Koreya ya Ruguru kitemerewe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.

Amerika yararungitse Ubwato bukomeye bwintamabara muri ako karere ka Koreya, ivyashavuje Koreya ya Ruguru. Imigenderanire hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru ntabwo yigeze imera neza kuva Intamabara ya kabiri y’isi yose irangiye.

Naho biri uko, harabaye ugushamirana mu majambo no mukwerekana ububasha mu ndwi iheze hagati yivyo bihugu bibiri kutari bwigere guhaba.Amerika yaramaze kumenyesha ko izokwifasha ico kibazo ca Koreya ya Ruguru naho Ubushinwa butofasha.

Ibigwanisho bitari ‘bwaje ahabona’ vyarashizwe ahabona na Koreya ya Ruguru

Umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru ntiyanezerejwe nivyo Trump avuga maze amenyesha ko yiteguriye kugwana na Amerika mu “ntamabara simusiga kandi yibigwanisho ruhonyanganada.
Ubushinwa nabwo bwahavuye bujamwo buvuga ko buzofatira ibihano mu vyubutunzi Koreya ya Ruguru igihe yobandanya iumugambi wayo w’ibigwanisho ruhonyanaganda.

Inyuma yaho Koreya ya Ruguru ikoze umwerekano udasanzwe wabasoda bayo ku musi wakane, Donald Trump yaciye amenyesha ko azohangana na Koreya ya Ruguru. Ku musi wa gatanu mu ndwi iheze, Ubushinwa bwaciye bugabisha ko “intamabara ishobora kwaduka umwanya uwo ariwo wose.

Ku musi wa gatandatu niho habaye agahebuza aho Koreya ya Ruguru yashiriye ku mugaragara ama missiles ‘atari bwigere abonwa’, ayiyumvirwa ko ashobora gushikira ubutaka bwa Amerika. Ku musi wa mungu, Koreya ya Ruguru yarasubiriye kugerageza iyindi missile ballistike, ariko ikaba itashoboye kugenda ica irasambuka hadaheze namasegonde atanu nkuko abasoda ba Amerika bo muro Pacifike babitangaje ejo ku musi wa mungu.

None Donald Trump agiye gukora iki? Niwe wenyene azi inyishu yico kibazo. Canke nawe nyene ashobora kuba yabuze uko avyifatamwo!

Recommended for you