INTERNATIONAL NEWS

Turikiya Yoba Ishaka Guhangana Amerika Muri Syria.

on

Kuva ku musi wa gatandatu, igihugu ca Turkiya kiriko gikora ibitero simusiga ku bansi b’aba Kurdes barwanira muri Syria mu gace ka Afrine. Umukuru w’igihugu ca Turkiya akaba yaragabishije ejo igihugu ca Leta Zunze Ubuwme Za Amerika ko zoreka agasotoro canke habe ugutana mu mitwe. Uwo murwi urwanywa na Turkiya w’aba Kurdes urashigikiwe mu buryo bwa gisirikare na Amerika. Turkiya ikaba ifise ubwoba ko uwo murwi ufashwa na Amerika ushobora gutera Turkiya.

Kuva haba igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi muri Turkiya mu 2016, umukuru w’ico gihugu, Reccep Erdogan agaragaza ingendo ibonwa na benshi ko ari bugabo bwiganza gushika yaho yinjira gutera mu kindi gihugu atabifitiye uburenganzira, kandi Syriya yavyiyamirije. Ibihugu vy’Uburusiya, Ubufaransa na Amerika bikaba bisaba ko Turkiya yogenza buhoro kuko yosanga iriko igwana na Amerika muri Syria.

Intambara muri Syria yagaragara ko yarangiye imaze guhitana abantu hafi umuliyoni kuva mu mwaka wa 2011 ariko rero igihugu ca Turkiya kikaba kigomba gusubira kuyivyura. Amajambo y’abategetsi ba Turkiya aragaragara ko ari uguhangana na USA imbona nkubone. “ Ntimwegere imbibe zacu. Ntimutugerageze. Ahandiho ukwihangana kwacu kuzohera…ni intambara yo kwivuna umwansi kandi y’abanyagihugu », niko Erdogan yamenyesheje ejo ku musi wa mungu.

Intambara zikomeye ziriko zibera mu gace ka Afrine muri Syria hagati y’ingabo z’aba Turkiya ninyeshamba z’aba Kurdes. Uburusiya busaba impande zose zishamiranye kwigumya. Hakaba hitezwe ko haba Inama y’umutekano ya ONU kuri ico kibazo.

Recommended for you