Umukuru w-igihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi , Felix Tshisekedi azogira urugendo mu Burundi mu kwezi kuza kwa Ndamukiza. Akazoba aje kuvugana na mugenzi we w-uburundi Perezida Varisito Ndayishimiye ku kibazo c-umutekano mu karere k-ibiyaga binini ivyo bihugu vyompi bisanzwe birimwo. Perezida Tshisekedi akaba amenyesha ko yiteguriye gutuza imihari yose irwanira ku butaka bw-igihugu ciwe harimwo RED-TABARA na FDLR kuko ihungabanya amahoro n-umutekano mu karere.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru co muri Congo Actualité.cd, Umukuru w-igihugu ca Congo akaba azobonanira i Jordaniya mw-ukwo kwezi kwa Ndamukiza na mu genziwe w-urwanda Perezida Paul Kagame kw-ico kibazo nyene kijanye n-umutekano wo mu karere.
Mu kiganiro aheruka gutanga ku kinyamakuru co mu bubirigi Le soir, Perezida Tshisekedi yamenyesheje ko agiye kwitanga mu kurandurana n-imizi ivy-umutekano muke umaze igihe kitari gito uhungabana mu buseruko bw-igihugu arongoye. «…Ku bijanye n-imirwi y-abarwanyi ituruka mu bindi bihugu , ngiye kugerageza mu gukemura ico kibazo mu buryo buciye mu gukorana n-ibihugu vy-akarere , hariho nk-akarorero nk-imihari nka RED-TABARA isanzwe irwanya Leta y-uburundi, FDLR ishaka gutera urwanda , iyo yose ikabikora iri ku butaka bwa congo . Ntidushobora kuvyemera ivyo» Niko Perezida Felix Tshisekedi yavuze ku kinyamakuru Le Soir.