INTERNATIONAL NEWS

Trump Yirukanye Umunyamabanga Mukuru Wa Leta, Tillerson.

on

Rex Tillerson

Umukuru w’igihugu ca leta Zunze Ubumwe Za Amerika, Donald Trump, yirukanye mu mabanga umutegetsi akomeye akaba n’umunyabanga wa Leta ya Amerika, Rex tillerson, maze aca amusubiriza n’uwahora atwara Iperereza rya Amerika CIA( Central Intelligence Agency), Mike Pompeo, nk’uko BBC ibishira ahabona.

Mu butumwa bwiwe bwo kuri Twitter kuri uyu musi, Donald Trump, yashimye igikorwa Rex Tillerson yaranguye, maze aca amenyesha ko umunyabanga mushasha wa Leta ya Amerika azokora “igikorwa ciza”.

Rex Tillerson uwari amaze umwaka urenga gato muri ayo mabanga, yahora atabona ibintu kumwe rimwe na rimwe na Donald Trump,gushika naho yagirizwa kuvuga ko Trump ‘adakwije ubwenge'(stupide); ariko akaba yaravyamiriye kure.

Donald Trump akaba yaciye agena umupfasoni, Gina Haspel, ngo ayobore Iperereza rya Amerika CIA, akaba abaye umupfasoni wa mbere agenywe kuyobora urwo rwego rw’iperereza kw’isi rukomeye.

Recommended for you