INTERNATIONAL NEWS

Trump Yarungitse Indamutso Yiwe Ku Bategetsi Ba Afrika.

on

Inyuma y’aho haheze imisi Trump avugwako amajambo yavuze yo gusuzura ibihugu vya Afrika ko ari “ibihugu vy’umwanda”, ubu hoho uyo mutegetsi wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yarungikanye indamutso umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame ku bategetsi bose ba Afrika. Donald Trump akaba yabonanye na Paul Kagame mu nama iriko ibera I Davos mu Buswisi ijanye n’ivy’ubutunzi mw’isi.

Amajambo Trump yavuze ku bihugu vya Afrika vyaratumye yiyamirizwa bimwe bikomeye na bamwe mu bategetsi b’Ubumwe bwa Afrika, nk’abategetsi ba Botswana na Ghana. Ariko rero hari umutegetsi umwe wo muri Afrika ariwe Yoweli Kaguta Museveni, yashimiye nyabuna Trump ko yavuze ukuri ko abanyafrika twama tuzera inze mu gutatura ingorane zibahanze aho ‘kwibako’.

Donald Trump akaba yarahakanye ko atigeze akoresha ayo majambo yo gusuzugura ibihugu vya Afrika.Naho biri uko akaba yemanga ko yakoresheje amajambo akaze ku bihugu vya Afrika, Haiti na El Salvador ku bijanye n’abimukira binjira mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu mubonano yakoranye na Kagame, Trump ntiyigeze yerekana ko yicuza ku bijanye n’amajambo asuzugura yavuze ku bihugu vya Afrika. Trump yamenyesheje ko umubonano hagati ya Kagame nawe ko “wari ubereye cane”, kandi ivyo bihugu bibiri bifitaniye “imigenderanire myiza” mu vy’ubudandaji.

Trump yabwiye Kagame ati: “ Nipfuza kugukeza, mukuru w’igihugu, igihe uhawe amabanga yo kuba indogozi nshasha y’ubumwe bwa Afrika, ni agateka ntangere…ndazi ko ugiye kwitaba inama ya mbere vuba. Ndakwingize uzonshikanire indamukanyo zanje”.

Kagame akaba yamenyesheje ko bahanye impanuro ku bijanye n’uko ivyo bihugu bibiri vyokorana, na cane cane mu bijanye n’uko Amerika yofasha Urwanda “mu bijanye n’ibikorwa vyose vyo mw’isi”, no mu bijanye n’ibibazo vy’Ubutunzi, ubudandaji n’ibindi.

Recommended for you