NEWS

Tity Love yaraye agaragaje akababaro kiwe mukudomako urutoke ku biganiro bimwe bimwe bidaha agaciro umuziki ndundi

By

on

Umuririmvyikazi w’umurundi Tity Love yaraye ashize ahabona akababaro kiwe mu kuvuga ko hari bamwe mu bamenyeshamakuru ba hano mu gihugu cacu bavuza cane indirimbo zitari iz’abarundi,ko hariho n’ibiganiro bimwe bimwe bica kumasamirizi ya hano mu gihugu bitavuza cane indirimbo z’abarundi

Tity love akaba yavuze ati hariho ibiganiro bica ngaha kumasamirizi y’uburundi usanga zidaha agaciro cane umuziki w’uburundi aho yatanze akarorero ku kiganiro Ambiance love gica kuri radio10 hamwe n’ikiganiro hit connection gica kuri radio10 nyene aho yavuze ko ivyo biganiro bitavuza cane indirimbo z’abarundi nkuko bikwiye kugenda

Tworangiza tubamenyesha ko Tity Love ivyo yabishikirije ku munsi w’ejo ahariko habera ibirori vyo gushira ahabona amasanamu y’indirimbo Ntundekure ya Masterrland