NEWS

Therence NTAHIRAJA yasubirijwe

By

on

Therence NTAHIRAJA yahora ari umumwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji yakuwe muri ayo mabanga kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA nomero 100/149 ryo ku munsi wa kane igenekerezo rya 4 Gitugutu 2018.

Nk’uko biri muri iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu, Therence NTAHIRAJA yasubiriwe na Tharcisse NIYONGABO yahora ari Buramatari w’intara ya Bubanza.

Therence NTAHIRAJA akuwe muri ayo mabanga mu gihe hari haheze iminsi havugwa ko icuka atari ciza hagati yiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Therence NTAHIRAJA yaheruka gukurwa mu kiganiro yariko araremesha ikibiriraho (en direct) ku nsamirizi ISANGANIRO. Mu gihe ikiganiro cari kigitangura, abaporisi bari kumwe n’umuntu umwe yambaye impuzu zisanzwe bamusanze aho ikiganiro kiriko kirabera (Studio), bamubwira ko yohagarika kukiremesha, agasubira ku kazi aho akorera kuko hari ibindi bikorwa bimukeneye.

Recommended for you