NEWS

Therance Ntahiraja yategetswe gusohoka agahagarika ikiganiro yariko akora kuri Radio Isanganiro.

on

Ibitari bwabeho mu bimenyeshamakuru vy’Uburundi aho umutegetsi kandi akaba umwunganizi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Therance Ntahiraja yirukanwa mw’iradiyo maze agategekwa ko ahagarika ikiganiro yariko ashikiriza ari kumwe nuwo batavuga rumwe na leta, Leonce Ngendakumana.

Aho hari ejo ku muhingamo aho muri Studio za Radio Isanganiro hariko hacaho ikiganiro ikibiriraho ku binjanye n’ibiganiro vyo ku ncuro ya gatanu bihuza Abarundi vyimirije kubera mu gihugu ca Tanzania. Ico kiganiro cari ico urunani rwa Radio Isanganiro, Rema FM, ikinyamakuru Iwacu hamwe n’urubuga Yaga, aho bagiye babona ico kiganiro gihagarikwa bitari vyitezwe kandi catumiwemwo numwe yari yaserukiye Leta y’Uburundi.

Magingo ico kiganiro cariko kiraba, abari muri co kiyaga nibo bahavuye batanga amakuru y’uko vyagenze maze bamenyesha ko haje imodoka vyihuta maze abarimwo baca bahagarika ico kiganiro. Umufasha mu bushikiranaganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yaciwe atwarwa vyihuta mu “nama yuhuta” maze bica biba ngombwa ko ico kiganiro gihagarara.

Therance Ntahiraja akaba azwi ku mvugo yiwe yo kuvugira hejuru yiyizigira ku vyo avugira leta y’uburundi. Mbe ubwo ntazohava abazwa impamvu yaje muri ico kiganiro cahagaritswe bukwi na bukwi?Kumbure yari yaje abamukurira bamuhaye uruhusha,…batarumuhaye naho…….Ni kurindira ico ejo hatubikiye.

Recommended for you