INTERNATIONAL NEWS

Texas: Uyundi Mwicanyi Yishe Abantu 27 na 24 Bakomeretse.

on

Inyuma y’ibiheruka kuba mu gisagara ca New York( mu gace ka Manhattan) no mu gisagara ca Las Vegas aho habaye umuntu yiyadukije ararasa yongera arica abantu ataco bazira, maze abarenga 50 barapfa, ubu hoho wogira ngo ubwicanyi bw’ikivunga bwatse indaro mu gihugu c’igihangange kw’isi arico Leta Zunze Ubmwe za Amerika. Ejo ku musi wa mungu, hari uwiyadukije ararasa abantu mu gisagara ca San Antonio muri leta ya Texas, aho abshika 27 baciye bahitanwa n’amasasu hama 24 nabo barakomereka.

Nk’uko ibinyamakuru vy’aho muri America bibimenyesha, uwo mwicanyi yitwa Devin Patrick Kelley yaciye ateshwa n’abajejwe umutekano maze aricwa n’abajejwe umutekano. Uyo mwicanyi akaba yarashe abo bantu mw’ishengero riri ahitwa Sutherland Springs, ku bilometero 50 uja mu bumanuko bwa san Antonio, muri leta ya Texas. Muri abo bahitanywe n’ubwo bwicanyi hakaba harimwo mbere n’abana.

Uwo mwicanyi akaba yaciye yicwa ako kanya nyene nk’uko vyagenze I Las Vegas. Ibinyamakuru vy’aho muri Amerika bikaba kandi bimenyesha ko ayo masasu yatanguye igihe c’isaha zitanu n’iminota mirongo itatu kw’isaha y’aho I Texas.

Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ubu ari murugendo arimwo mu bihugu vya Aziya, yararungitse ubutumwa kuri Twitter ari mu Buyapani ko ariko akurikiranira hafi ubwo bwicanyi maze asaba ko abajejwe amatohoza nka FBI bakurikiranire hafi ico kibazo.

Mugihe ubwicanyi busa n’ubwatse indaro mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari abibaza ko na America izohava itangaza vya Bihe vy’Ukugaba( Etat d’Urgence) mu mezi manaka nk’uko vyabaye mu Bufaransa no mu Bubiligi igihe ba gaterabwoba basasika inganda abantu bakahasiga ubuzima.

Recommended for you