NEWS

Térance Ntahiraja: ‘Nta wateye Urwanda ava Mu Burundi’.

on

Umwunganizi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Burundi, Terance Ntahiraja yagize ico amenyesha ku makuru yashizwe ahabona n’igiporisi c’Urwanda ko hari abateye mu Rwanda baza bava mu gihugu c’Uburundi bongera bahunga basubira mu Burundi.

Terance Ntahiraja yamenyesheje iradiyo y’abongereza BBC ko ayo makuru yashizwe ahabona na Polisi y’Urwanda ko ari ‘ikinyoma cambaye ubusa’ kandi ko ayo makuru yabaye mashasha kuri we.

Ntahiraja akaba gusa yamenyesheje ko hari gusa amakuru mashasha yo kwirukanwa k’Abarundi ‘baja kwicira udufaranga mu Rwanda birukanwa na leta y’Urwanda’.

Ico gitero cabaye ku wa Mungu mw’ijoro kikaba caje kigira kabiri mu ndwi zidashika na zibiri kandi n’ubwa mbere ico gipolisi c’Urwanda cari camenyesheje ku mugaragaro ko abateye mu Rwanda baje bava mu gihugu c’Uburundi.

Recommended for you