MUSIC

Tatien SIBOMANA: ”Guhinyanyura ibwirizwa nshingiro vyoganirwako i Arusha”

on

Umugambwe UPRONA utemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu umenyesha ko imbere y’uko ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwa vyabanza kuganirirwako mu biganiro bihuza abarundi bibera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Tatien Sibomana avugira umugambwe UPRONA utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko abanyepolitike bose bategerezwa kwicara hamwe bakihweza ko ari umwanya mwiza wo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro.

Kubwa Tatien SIBOMANA,Reta y’Uburundi ntiyovuga ko ubwigenge bw’igihugu aribwo butanga uburenganzira kuri Reta bwo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro,ariko ko ikibazo c’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro rikwiye guharirwako mu biganiro bibera I Arusha.

Mwomenya ko, mu biganiro biheruka kubera i Arusha kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 19 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017, umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa yavuze ko hataragera ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi rihinyanyurwa kubera ibihe igihugu kirimwo, umukuru w ‘inama nshinaghamteka y’Uburundi Pascal NYABENDA we yavuze ko ibiganiro vy’i Arusha bidashobora kubuza Reta ko ihinyanyura ibwirizwa nshingiro.

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko igihugu cigenga, kandi ko kidakorera ku mabwire y’ibindi bihugu.

Recommended for you