Thursday, June 8, 2023
HomeNewsTanzaniya yobera akarorero uburundi mu gucandagisha abanyagihugu babwo Covid-19 bisabwa na OLUCOME.

Tanzaniya yobera akarorero uburundi mu gucandagisha abanyagihugu babwo Covid-19 bisabwa na OLUCOME.

Mu rwandiko rw-impapuro 11 rwarungikiye umukuru w-igihugu c-uburundi rumwereka ingingo nyishi zofatwa kugira igihugu gishobore gutera imbere , Ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire n-abasesagura amatungo ya Leta muvyo rimusaba  harimwo ko Leta arongoye yofatira akarorero ku ya Tanzaniya igahimiriza abanyagihugu bayo bakicandagisha COVID-19 ndetse  no kubategeka kwambara udufukamunwa  ahahurira abantu benshi hamwe no gufata izindi ngingo zo kwirinda ico kiza gihanze isi.IWACU English News | The voices of Burundi – Olucome

Iryo kete rivuga riti:ˮ Izo ngingo zikurikijwe , bizofasha kuduza ubutunzi  no guha umwidegemvyo  abarundi ngo bakore  ingendo mu bihugu vyo mu mahanga‟

Mw-iryo kete, OLUCOME isaba Perezida Ndayishimiye ko ideni Leta arongoye yafashe ringana na miriyoni 78 z-amadorare y-abanyamerika  yo kurwanya ikiza ca Covid-19 ryokoreshwa mu muco ikirinda ivyabaye ku mafaranga yo kurwanya SIDA ,aho abakozi ba Leta bashing amashirahamwe yo kurya ayo mahera nabo abo yagenewe,aribo barwayi b-umugera wa SIDA ntibibone inyungu nimwe iriko ibashikira.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...