Mu rwandiko rw-impapuro 11 rwarungikiye umukuru w-igihugu c-uburundi rumwereka ingingo nyishi zofatwa kugira igihugu gishobore gutera imbere , Ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire n-abasesagura amatungo ya Leta muvyo rimusaba harimwo ko Leta arongoye yofatira akarorero ku ya Tanzaniya igahimiriza abanyagihugu bayo bakicandagisha COVID-19 ndetse no kubategeka kwambara udufukamunwa ahahurira abantu benshi hamwe no gufata izindi ngingo zo kwirinda ico kiza gihanze isi.
Iryo kete rivuga riti:ˮ Izo ngingo zikurikijwe , bizofasha kuduza ubutunzi no guha umwidegemvyo abarundi ngo bakore ingendo mu bihugu vyo mu mahanga‟
Mw-iryo kete, OLUCOME isaba Perezida Ndayishimiye ko ideni Leta arongoye yafashe ringana na miriyoni 78 z-amadorare y-abanyamerika yo kurwanya ikiza ca Covid-19 ryokoreshwa mu muco ikirinda ivyabaye ku mafaranga yo kurwanya SIDA ,aho abakozi ba Leta bashing amashirahamwe yo kurya ayo mahera nabo abo yagenewe,aribo barwayi b-umugera wa SIDA ntibibone inyungu nimwe iriko ibashikira.