NEWS

Tanzaniya Yahagaritse Umugambi Wayo Wo Guha Ubwenegihugu Impunzi Z’Abarundi.

on

Mu gihe vyari bizwi ko igihugu ca Tanzaniya cemeye kuzoha ubwenegihugu impunzi z’Abarundi zari zahungiye muri ico gihugu, Leta y’ico gihugu yamenyeshje ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR ko ihagaritse umugambi wariko ubandanya wayo wo guha ubwenegihugu impunzi z’Abarundi bahungiye mw’ico gihugu.

Iyo ngingo kandi ishobora kugira ingaruka mbi ku mpunzi zishasha z’Abarundi zishika hafi 300 000 zahungiye mwico gihugu kuva mu mwaka wa 2015, baba mu makambi y’impunzi nka Nyarugusu, Nduta na Mtendeli, kandi nubu babandanya bahungira muri ico gihugu.

Iyo ngingo igihugu ca Tanzaniya yo guhagarika igikorwa cariko kibandanya co guha ubwenegihugu impunzi z’Abarundi zahungiye mw’ico gihugu yamenyeshejwe HCR ku wa 23 Nzero 2018. Ayo makuru akaba yatangajwe n’ikinyamakuru c’ibiro vy’Abanyaburaya ECHO( European Commission Humaniatrian Office) vyitaho agateka k’impunzi kw’isi.

Ku bw’iryo tangazamakuru rya ECHO, iyo ngingo ya Tanzaniya ikaba « izotuma abandi bantu basaba ubuhungiro muri ico gihugu bacika intege, kandi irashobora no kugira ico ikoze no ku mpunzi zaheruka guhungira muri Tanzania kuva mu mwaka wa 2015 ».

Igihugu ca Tanzaniya ni kimwe mu bihugu vyakiriye cane impunzi nyinshi z’Abarundi. Muri Gitugutu 2014, Tanzaniya yari yemereye ubwenegihugu impunzi z’Abarundi zishika 162 000 bari bahunze igihugu c’Uburundi mu mwaka wa 1972.

Recommended for you