Thursday, June 8, 2023
HomeInternational newsTanzaniya: Umukuru w-inama nshingamateka JOB Ndugai yatanze imihoho.

Tanzaniya: Umukuru w-inama nshingamateka JOB Ndugai yatanze imihoho.

Umukuru w-inama nshingamateka ya Tanzaniya JOB Ndugai yatanze imihoho mu mabanga yiwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 6 Nzero 2022. Mw-ikete ryiwe yandikiye umunyamabanga mukuru w-umugambwe uri ku butegetsi CCM, Ndugai yavuze mu majambo magufi ko yafashe iyo ngingo ku gushaka kwiwe.BREAKING: Tanzania's Speaker of Parliament Job Ndugai has resigned - The  Citizen

Nkuko tubikesha ibinyamakuru bitandukanye vyo mu karere harimwo n-ivyo muri Tanzaniya, Iyo ngingo ya Ndugai isohotse inyuma yaho indongozi zitandukanye z-umugambwe CCM zimusabiye gutanga imihoho inyuma yo guterana amajambo n-umukuru w-igihugu Samia Suluhu Hassan ku bijanye n-amadeni Leta arongoye iguma ifata mu ntumbero yo kwiteza imbere.

Kuwa 27 kigarama 2022, JOB Ndugai yari yavuze ko igihugu ca Tanzaniya hazogera igihe kikagurishwa icamunara  kubera amadeni. ico gihugu kikaba gifise ideni ry-amashiringi angana n-amatiriyoni 70. Ni mu gihe kuwa 28 kigarama 2021 , perezida Samia yashimangiye ko Leta arongoye izorondera ideni ry-amafaranga yo gusozera imigambi y-iterambere.

Kuwa 3 Nzero 2022, Umukuru w-inama nshingamateka JOB Ndugai yarasavye imbabazi ku mugaragaro umukuru w-igihugu hamwe n-abatanzaniya bose ku majambo yari aherutse gushikiriza , yafashwe ko yayabwiye Leta ya Samia Hassan ku bijanye n-amadeni yo hanze.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...