Umukuru w-igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu Hassan arimwo anegurwa na benshi ku mbuga ngurukanabumenyi kubera amajambo yavuze ku bakinyi b-abakobwa basanzwe bakinira umurwi nserukiragihugu w-umupira w-amaguru, aho yavuze ko bafise umubiri hamwe n-isura zitabereye kuba boreshwa n-abagabo.
Perezida Samia yabivugiye i Dares es Salaam igihe yariko yakira umudari watsindiwe n-umurwi nserukiragihugu mu mumupira w-aguru ku miyabaga iri musi y-imyaka 23, hari mu mahiganwa yateguwe na CECAFA y-uw-umwaka. Yavuze ko n-ubwo abo bakobwa bahejeje gutera iteka igihugu arongoye, bamwe muri bo nta mahirwe bafise yo kuzoronka abagabo kubera ukuntu bameze.
ˮ… Tubazanye hano tukabatondesha umurongo, ku bafise agatuntu kari hejuru , ushobora kwibaza ko ari abagore canke abagabo‟ Niko yavuze kw-uyo murwi w-abakobwa bakinira ico gihugu.
Bamwe mu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi baranegura cane ayo majambo yakoreshejwe n-uwo munyacubahiro arongoye Tanzaniya. Kubwabo, babona ko ayo majambo ashobora kuba yarababaje abo bigeme, bakamusaba ko yokwisubirako kuvyo yavuze maze akabasaba ikigongwe.