Thursday, June 8, 2023
HomeInternational newsTanzaniya: Perezida Samia amenyesha ko abakobwa bakinira igihugu bafise amahirwe make yo...

Tanzaniya: Perezida Samia amenyesha ko abakobwa bakinira igihugu bafise amahirwe make yo kuzorongorwa.

Umukuru w-igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu Hassan arimwo anegurwa na benshi ku mbuga ngurukanabumenyi kubera amajambo yavuze ku bakinyi b-abakobwa basanzwe bakinira umurwi nserukiragihugu  w-umupira w-amaguru, aho yavuze ko bafise umubiri hamwe n-isura zitabereye kuba boreshwa n-abagabo.Samia Suluhu on Twitter: "I'm deeply saddened by the passing on of the  First President of Zambia, H.E Kenneth Kaunda. Africa has lost a liberation  fighter, patriot and true Pan-Africanist. My condolences

Perezida Samia yabivugiye i Dares es Salaam igihe yariko yakira umudari watsindiwe n-umurwi nserukiragihugu mu mumupira w-aguru ku miyabaga iri musi y-imyaka 23, hari mu mahiganwa yateguwe na CECAFA y-uw-umwaka. Yavuze ko n-ubwo abo bakobwa bahejeje gutera iteka igihugu arongoye, bamwe muri bo  nta mahirwe bafise yo kuzoronka abagabo kubera ukuntu bameze.

ˮ… Tubazanye hano  tukabatondesha umurongo, ku bafise agatuntu kari hejuru , ushobora kwibaza ko ari abagore canke abagabo‟ Niko yavuze kw-uyo murwi w-abakobwa bakinira ico gihugu.

Bamwe mu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi baranegura cane ayo majambo yakoreshejwe n-uwo munyacubahiro arongoye Tanzaniya. Kubwabo, babona ko ayo majambo ashobora kuba yarababaje abo bigeme, bakamusaba ko yokwisubirako kuvyo yavuze maze akabasaba ikigongwe.

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...