Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsTanzaniya ivuga ko itazosubira guha ubwenegihugu abarundi bahungiye mw-ico gihugu.

Tanzaniya ivuga ko itazosubira guha ubwenegihugu abarundi bahungiye mw-ico gihugu.

Igihugu ca Tanzaniya kiragabisha ko ata bwenegihugu izosubira gutanga ku mpunzi z-abarundi zahungiye mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mtendeli zidashaka gutaha. Tanzaniya isigura ko amahoro yagarutse mu Burundi.Image

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Leta ya Tanzaniya ifashe ino ngingo inyuma y-urugendo  rw-imisi itatu Perezida Varisito Ndayishimiye yakoreye muri ico gihugu mu ndwi iheze. Muvyo yasavye muri urwo rugendo harimwo gukomeza umugambi wo gutahukana impunzi z-abarundi  hamwe no kurwaniriza hamwe imirwi y-iterabwoba imaze imisi ihungabanya umutekano  mu gihugu c-uburundi.

Ingingo yo kudasubira guha ubwenegihugu  abarundi bahunze Tanzaniya yayitangarije mu nama zifatiye ku gikorwa co guhimiriza impunzi kwiyandikisha ku bwinshi kugira zitahukanwe. Iryo himirizwa ririko rikorwa n-umuyobozi ashinzwe impunzi  mu bushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya , Sudi Mwakibasi , mu nkambi za Nyarugusu, Mtendeli na Nduta.

Tubamenyesha ko impunzi z-abarundi zisigaye mw-ico gihugu ca Tanzaniya zirenga gato 140.000. Nkuko ibitigiri  bitangwa na HCR yo mw-ico gihugu  bivyerekana. Izo mpunzi zikaba zicumbikiye mu nkambi zitatu arizo : Mtendeli, Nyarugusu na Nduta.

Must Read