Tanzaniya: Abarundi basanzwe bisumamwo barenga 500 baramaze guhagarikwa.
Mu kiringo c-imisi cumi ya mbere y-uku kwezi kwa Ruheshi, igipolisi c-igihugu ca Tanzaniya carakoze umukwabu wo gufata uwo wese w-umunyamahanga ahabaye atabifitiye uruhusha mu ntara za Kigoma na Geita .
Igipolisi co mu ntara ya Kigoma kimenyesha ko abanyamahanga 570 bafashwe harimwo abarundi bagera 488 nka beshi mw-abo barundi ngo bagiye mw-ico gihugu ca Tanzaniya kurondera akazi. Ikindi ngo abo bamaze guhagarikwa, igipolisi c-ico gihugu kiza camaze kubashira mu mirwi: hari abaciye bashengezwa mu butungane, abandi bashikirizwa ishirahamwe ry-impunzi HCR, abandi barahawe impusha zo kuba mw-ico gihugu, Hakaba n-abandi bakiriko baragirwako amatohoza. Nko mu ntara ya Geita, abafashwe bagera kuri 63. Nk-uko bitangazwa na komiseri mu gipolisi c-uruza n-uruza mwiyo ntara amenyesha ko abo barundi bose ata numwe afise impapuro zibemerera kuba canke gukorera ku butaka bwa Tanzaniya. Uwo mutegetsi akongera akamenyesha ko abo barundi bamwe muribo bagiye bafatirwa mu mirima abandi bafatirwa mu gisagara bariko bakora umwuga wo kunguruza abantu ku makinga.
Abategetsi mu gipolisi co mw-izo ntara zibiri zahagaritswemwo abo banyamahanga badafise ivya ngombwa harimwo abarundi basaba ko iyo abo banyamahanga baje mw-ico gihugu babe bihutira kurondera impusha zo kuba mw-izo ntara ata kibazo bareke kuguma binyegeje mu buryo butemewe n-amategeko.