NEWS

Tanzania:Ukudahuza Hagati ya Magufuli N’Abakuru b’Amadini.

on

Mu gihe hagize imisi hibonekeza ivyo abahinga bavuga ko umwidegemvyo wo kuvuga muri Tanzaniya uriko uragenda uyonga buhorobuhoro kuri iyi ntwaro ya Magufuli, ubu hoho abanya madini nibo bahisemwo kwihagurukira kugira bavugishe ukuri ko umukuru w’igihugu ca Tanzaniya ariwe John Pombe Magufuli ko yogabanya guhagarika no guhohotera abatavuga ruwme na Leta yiwe.

Tanzania isanzwe ari igihugu c’abantu bakunda gusenga cane, kandi kikaba camye gitekanye ata banyagihugu bahagauruka kwiyamiriza umukuru w’igihugu, ariko ubu hoho bakaba bahagurutse.

Amadini akomeye aho muri Tanzaniya ariyo Katolika nayashingiye ku nyigisho za Lutheri bakaba baherutse gusohora inyandiko babwira umukuru w’igihigu ko yohagarika uguhagarika abatavuga rumwe na leta yiwe. Idini rya katolika rikaba ryasohoye itangazo aho ‘ryiyamirije ukuntu ibikorwa vya politike bibujijwe hamwe no kugira imyiyerekano,maze katolika ivuga ko bidahuye n’ibwirizwa shingiro guhagarika ivyo bikorwa’, nk’uko ikinyamakuru c’aho muri Tanzaniya The Citizen cabimenyesheje.

Mw’ikete ryasinywe nabasenyeri 27 b’aba Lutheri aho muri Tanzaniya barasubiriye kugaragaza amakenga n’umwitwariko wabo nk’uko abakatolika babigize. “Hariho ibimenyestso vyerekana ko umwidegemvyo wo kuvuga , gukora amanama ya politike hamwe n’burenganzira bwo kuronka amakuru [muri tanzania] biriko birakamangana,…hariho n’ubwoba ko n’uburenganzira bwo gusenga nabwo buri mu kaga ko kuzimangana“, niko ab basenyeri bavuze.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko Magufuli ibiriko biraba muri Tanzaniya bishobora kumubuza gusubira gutsida amatora yandi yimirije yo kubandanya ayobora igihugu ca Tanzaniya kubera ko Leta yiwe n’umugambwe wiwe Chama cha Mapinduzi(CCM) biboneka ko vyonenewe isura n’abo baguma basemerera ko agataeka ka zina muntu muri Tanzaniya. Leta Zunze Ubumwe za amerika hamwe n’ubumwe bwa Buraya biramaze kwerekana ko birajwe ishinga n’ukwo gutituka kw’agateka ka zina muntu.

Recommended for you