NEWS

Tanzania Yishuye Ubumwe Bwa Buraya Na USA Ku Birego Yagirizwa.

on

Inyuma y’aho Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya na Leta Zunze Ubumwe za Amerika bahagurukiye baravugira ahabona ko demokrasi iriko itituka mu gihugu ca Tanzania, ko atamwidegemvyo wokuvuga ukihari, Leta ya Tanzania yavye mu gacerere maze yishura kuri ivyo birego vya Leta Zunze Ubumwe Za Amerika n’ Ubumwe bwa Buraya ko muri Tanzania ubwicanyi no kunyuruza abantu vyahatse indaro kuri iyi ntwaro ya John Pombe Magufuli.

Nk’uko Jamii Forumsibimenyesha, Leta ya Tanzania ikaba ihakana ivyo vyagiriji vyose ko ata demokrasi ikirangwa muri Tanzania, maze Tanzania yongera imenyesha ko ibabajwe n’amajambo ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubumwe ba Buraya hama yongera ashigikirwa na bamwe bamwe mu baserukira ibihugu vyabo vy’i Buraya na Amerika.

Muri ibi bihe hagize imisi hibonekeza uguhagarika cane abatavuga rumwe na leta ya John Pombe Magufuli aho abapolisi bakoresha inguvu zirenze urugero mu gushamirana n’abatavuga rumwe harimwo kurengutsa agasakisaki abashingamateka bari mu migambwe itavuga rumwe bagirizwa gukora amanama atemewe.

Mukibuka ko hari umushingamateka wo mu mugambwe utavuga rumwe na leta yitwa Joseph Mbilinyi atazirwa “Sugu” yaciriwe gufungwa amezi atanu yagirizwa gutuka umukuru w’igihugu, John Pombe Magufuli.

Tanzania kandi yamenyesheje ko iriko ishira mu ngiro ibihano vyafatiwe Koreya ya Ruguru inyuma yaho Amerika ishiriye ahabona ko Tanzaniya ikorana urudandazwa na Koreya ya Ruguru rubujijwe na ONU mu guhagarika imeri zatwara ibidandazwa muri koreya ya Ruguru.Ariko rero Tanzania ikamneyesha ko ivyagiriji ko yarenze ku bihano vyashizweho na ONU kuri Koreya ya Ruguru bitaremezwa.

Recommended for you