NEWS

Tanzania Yeteye Ibitugu Uburundi Mu Gisata Co Kwakira Ingenzi.

on

Mu gihe hari hari imigenderanire myiza hagati y’Uburundi na Tanzania kandi yaboneka, igihugu ca Tanzania cahisemwo gutera ibitugu Uburundi mu bijanye no gukorera hamwe mu gisata co kwakira ingenzi ico bita Tourisme mu gifaransa. Tanzania ikaba yahisemwo ‘kwikorana yonyene itari kumwe na mwenewabo’.

Aba n’abandi bakaba babona ko ibi bije vyunyura n’ivyahuha mu bijanye n’ugukorana mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Imigenderanire hagati y’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko mu bijnaye no gukorera hamwe mu gisata c’ukwakira ingenzi ikaba yari yasinywe mu myaka cumi iheze maze hakaboneka nyungu rusangi muri EAC, nk’uko ikinyamakuru eTurbo News ibimenyesha.

Ariko rero, vayaragaye ko igihugu ca Tanzania cavyifashwewmo nabi,kibikora mu kinyegero ibindi ku mugaragaro mu gushiraho inzitizi muri ayo masezerano ,nk’uko ico kinyamakuru kibandanya.

Abenshi bakabona nyabuna ko igihugu ca Tanzania gisanzwe gifatwa nk’umuvyeyi w’Uburundi ari nk’uko ‘umuvyeyi acukije umwana wiwe hataragera‘, maze bigashobora kwonona imigenderanire hagati y’Uburundi na Tanzania kandi yagaragara ko ari myiza

Recommended for you