INTERNATIONAL NEWS

Tanzania: Urupfu rw’umunyeshure wa Kaminuza rwahagurukije MAGUFULI.

By

on

Umukuru w’igihugu wa Reta y’igihugu ca Tanzaniya John Pombe MAGUFULI yategetse abajejwe intwaro hamwe n’umutekano kugira amatohoza kugira abagirizwa bose n’urupfu rw’umunyeshure wo muri Kaminuza y’igihugu Akwilina” Maftah yishwe mu mpera z’indwi iheze bamenyekane.

John POMBE MAGUFULI abicishije k’urubuga rwiwe rwa twitteur yavuze ati:“Ndababajwe n’urupfu rw’umunyeshure wo muri Kaminuza w’imyaka 22,ntegetse ko abajejwe umutekano bakora amatohoza hamwe no gufata ingingo zose zikwiriye kubakoze urwo rupfu.”

Umukuru w’igiporisi wo mu ntara ya Dar Es Salaam yashikirije ko abaporisi batandatu bagirizwa kurasa mu gihe c’imyiyerekano yatunganijwe n’umugambwe CHADEMA bafashwe.

Igiporisi c’igihugu ca Tanzaniya kivuga ko catohoje gisanga uyo munyeshure yarashwe kandi Atari mu myiyerekano aho igiporisi cariko kirahangana nabayitavye.

Nta myiyerekano y’abatavugarumwe na Reta ku bijanye na poritike yarimenyerewe gutunganywa mu gihugu ca Tanzaniya.

Recommended for you