NEWS

Tanzania imenyesha ko ‘ata mpunzi z’Abarundi ziriko zirirukanwa ku nguvu’

on

Tanzania imenyesha ko ‘ata mpunzi z’Abarundi ziriko zirirukanwa ku nguvu’. Ivyo vyashizwe ahabona n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihg ca Tanzania, Kangi Lugola.

Kangi Lugola yamenyesheje ko abantu batahura nabi amasezerano ya Tanzania, Uburundi na HCR ku bijanye n’umugambi wo guhungura impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzania.

Lugola yavuze ivyo i Dar Es Salaam ari kumwe nuwuserukira HCR i Tanzania hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu c’Uburundi, Pascal Barandagiye.

Lugola yamenyesheje ko ico gusa Tanzania na leta y’Uburundi bakora ari ‘uguhimiriza no kuremesha abashaka guhunguka ku bushake bwabo, ata kubahata’.

Rero mu gihe tuvuze gutyo, bamwe nabandi baca babitahura ukutariko ko turiko twurukana impunzi z’Abarundi. Ivyo si vyo na gato“, niko Kangi Lugola yamenyesheje.

Pascal Barandagiye akaba yamenyesheje asaba ko impunzi z”Abarundi zitahuka kwubaka Uburundi bwazo hamwe nabandi basigaye mu gihugu kandi ko agateka kabo kazokwubahirizwa.

Recommended for you