INTERNATIONAL NEWS

Tanzania : Agateka Ka Zina Muntu Kabandanya Gatituka.

on

Kuri iyi ntwaro ya John Pombe Magufuli, ibintu biriko birahinduka ntibikimeze nk’uko vyahora. Ubu abanyagihugu bamwe bamwe bariko baragerageza kumera nk’abiyamiriza intwaro iganza vyose na hose( pouvoir absolu) yamye iranga igihugu ca Tanzania kuva na kera aho ata munyagihugu mutoya akwiye kwinjira mu vya politike, abirenzeko akibonerako.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Magufuli baheruka guhaguruka biyamiriza ibijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu kwihariye ku bashingamateka hamwe n’abaririmvyi(aho twovuga ukuntu indirimbo z’abaririmvyi bakomeye na Diamond ziheruka kubuzwa kuvuzwa mu gihugu ca Tanzania.

John Pombe Magufuli akaba yagiriza abatavuga rumwe na leta gushaka gutegura imyiyerekano yo guhungabanya intwaro yiwe maze agaca atanga ubutumwa bukaze ashimitse.

Abaharanira agateka ka zina muntu muri Tanzania barabandanya bahahazwa, abandi bakabura irengero ryabo. Abatavuga rumwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bafise umugambi wo guhamagarira abanyagihugu ba Tanzania gukora imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza iryo tituka ry’agateka ka zina muntu.

Ariko rero, mw’ijambo ryiwe yavuze ku wa 9 Ntwarante 2018, John Pombe Magufuli yamenyesheje ko atazokwihanganira abotegura iyo myiyerekano. “Hariho abantu muri ikino gihugu bashaka kuzana imigumuko. Ntibashaka politike ya demokrasi iciye mu mahaoro. Bashaka kwihereza amabarabara imisi yose. Ndabagabishije : bihenze bagakora imyiyerekano, tuzobereka kandi barashobora kuzokwama bavyidogera imyaka yose ».

Idini rya Katolika muri Tanzania ntirisigara inyuma mu kwiyamiriza ibikorwa vya leta ya Tanzania aho riheruka kwandikira urwandiko magufuli rumumenyesha ko ‘Leta ibangamira cane ibinyamakuru bitaza bivuga ugushaka kw’intwaro ihari’.

Hari abiyuvira ko na rirya Ubumwe ba Buraya na Leta zunze ubumwe Za Amerika bamaze kwerekana ko badashigikiye intwaro ya Magufuli, ibintu bishobora kwunyuka n’uko vyama bigenda mu bindi bihugu hama abanyagihugu bakihereza amabarabara gushika umukuru w’igihugu yomowe ku butegetsi.

Recommended for you