Inyuma yaho icegera ca mbere c-umukuru w-inama nkenguzamateka y-uburundi afashwe ariko adandaza isukari ku giciro kitazwi na Leta, Ishirahamwe rya Leta rihingura isukari SOSUMO ritangaza ko rikuye ku rutonde isirahamwe Family Dan and Stacy,risanzwe ryegamiye uwo mukenguzamateka.
Mw-ikete Spès-Caritas Njebarikanuye yandikiwe kuwa 3 Nyakanga 2021, ishirahamwe SOSUMO rimenyesha ko hejuru y-ihadabu yatanze , iryo shirahamwe ryasanze ko bibereye guhagarika amasezerano yarari hagati ya SOSUMO hamwe na Family Dan and stacy.
Tubibutse ko kuwa 31 Myandagaro 2021, uwo asanzwe arongoye Family Dan and stacy ariho yacibwa ihadabu rya miliyoni zibiri z-amafaranga y-amarundi kuko iryo ishirahamwe arongoye ryagurishije umufuko w-isukari ku mafaranga 125000Fbu kandi igiciro kizwi na Leta kuwuranguza, umufuko awutora ku mafaranga 114000 Fbu