Tuesday, March 28, 2023
HomeUbutunziSOSUMO yakuye ku rutonde ishirahamwe ry-umukenguzamateka Spès-Caritas Njebarikanuye.

SOSUMO yakuye ku rutonde ishirahamwe ry-umukenguzamateka Spès-Caritas Njebarikanuye.

Inyuma yaho icegera ca mbere c-umukuru w-inama nkenguzamateka y-uburundi  afashwe ariko adandaza isukari ku giciro  kitazwi na Leta, Ishirahamwe  rya Leta rihingura isukari SOSUMO ritangaza ko rikuye ku rutonde isirahamwe Family Dan and Stacy,risanzwe ryegamiye uwo mukenguzamateka.Burundi Government urges EU to remove sanctions | bilaterals.org

Mw-ikete Spès-Caritas Njebarikanuye  yandikiwe kuwa 3 Nyakanga 2021, ishirahamwe SOSUMO rimenyesha ko hejuru y-ihadabu yatanze , iryo shirahamwe ryasanze ko bibereye guhagarika amasezerano yarari hagati ya SOSUMO hamwe na Family Dan and stacy.

Tubibutse ko kuwa 31 Myandagaro 2021, uwo asanzwe arongoye Family Dan and  stacy ariho yacibwa ihadabu rya miliyoni zibiri z-amafaranga y-amarundi  kuko iryo ishirahamwe arongoye ryagurishije umufuko w-isukari  ku mafaranga 125000Fbu  kandi igiciro kizwi na Leta kuwuranguza, umufuko awutora ku mafaranga 114000 Fbu

Must Read