INTERNATIONAL NEWS

Somaliya: Abantu Bashika 276 Bahitanywe N’Igitero Ca Bombe.

on

Mu gihugu ca Somaliya mu Buseruko bwa Afrika, abantu bashika 276 bahitanywe n’ibitero bibiri vyabaye bikozwe n’imoddoka zibiri z’abiyahuzi mu gisagara ca Mogadishu, maze kikaba kibaye igitero gikaze gihitanye abantu benshi gutyo muri kahise ka none k’ico gihugu gisanzwe cariziziwe nimigwano irimwo ba gaterabwoba.

Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru mu gihugu ca Somalya bwamenyesheje kuri uyu musi wa mbere ko abandi bantu 300 bakiri mu bitaro inyuma y’igitero cabaye ku wa 14 Gitugutu 2017.

Igitigiri c’abahitanywe nico gitero kiguma ciyongera kubera habandanya haba ugusaka no kurondera mu bihomvagurike vy’amazu abahitanywe n’ico gitero, nkuko ubwo bushikiranganji bubimenyesha.

Mukamenya ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza yamaze kumenyesha ko yifatanije n’igihugu ca Somaliya mu mubabaro kubwabo bahitanywe nico gitero.

Ibiro vy’Umukuru w’igihugu wa Somaliya vyaratanaganje ejo hahise ku musi wa mungu ko igihugu cose kigiye kuja mu kiganadarao c’imisi itatu, mu gihe idarapo y’igihugu izomanurwa gushika hagati kugira abahitanywe nico gitero kitari bwabeho mwico gihugu bibukanwe iteka.

Gushika ubu nta mugwi uremanga ko wakoze ico gitero cahitanye abantu bangana gutyo. Ivyo bitero bikaba vyibasiye cana cane amahoteli arimwo abantu mu gisagara hagati.

Recommended for you