Thursday, June 8, 2023
HomeNewsSi agaseseshwa rumuri urudandazwa rw-abantu rurahari mu Burundi kandi rukorwa n-inzego za...

Si agaseseshwa rumuri urudandazwa rw-abantu rurahari mu Burundi kandi rukorwa n-inzego za Leta(G.Ndirakobuca)

Umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu n-umutekano mu gihugu aremeza ko mu Burundi habaye urudandazwa rw-abantu bajanwa mu bihugu vy-abarabu . Gervais Ndirakobuca yabivuze kuri uyu wa kabiri imbere y-inama nshingamateka aho hari haramutse hirwa integuro y-itegeko rigenga uruja n-uruza mu Burundi. Yamenyesheje kandi ko abakora urwo rudandazwa harimwo n-abari mu nzego za Leta.IndundiNews|Gervais NDIRAKOBUCA asaba ikigongwe abarundi bose - YouTube

Gervais Ndirakobuca ati:ˮNivyo twasanze hari ama réseau y-igihugu yatwara abantu mu bihugu dans les pays du Golf bagiye kurondera akazi mugabo tugasanga bagenda moyennant amafaranga babanje kubaha. Tugasanga nabo bagiye imishahara bahita baronka hariya , uyu yisigariye ngaha yamurungitse nawe afiseko pourcentage yiwe.Tumaze kubimenya mu vyukuri nkuko mwagiye mubikurikirana ku mboneshakure hariho abantu benshi bagiye barafatwa bagiye mw-ivyo bihugu.Ikindi twasanze urwo rudandazwa rwagiyemwo cane  n-abakozi bo  muri Leta‟

Umushikiranganji Ndirakobuca avuga kandi ko urwo rudandazwa rw-abantu rwari rwatumye Leta zunze ubumwe za Amerika zifatira ibihano uburundi hama bubikurwako aruko bwikosoye.

ˮMuraziko vyigeze gushika aho igihugu nka Amerika cigeze gufatira ibihano uburundi birya vyari vyavuye ko bari batwagirije yuko mu Burundi hoba hariko harabera traffic des êtres humains , murazi neza yuko hari indege yagira vol administratif izanye abasoda bacu bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri somaliya ,nahonyene zahavuye zihagarara kuko bavuga bati iyo ndege ntisubireyo kubera yuko mu Burundi harivyo tubona, ivyo vyose vyari vyavuye kuri ayo makenga ico gihugu cari gifise ko mu Burundi hariko harabera urudandazwa rw-abantu‟ Niko umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yabandanije avuga.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...