NEWS

Sentare ya EAC yemeje ko Ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza kitahonyanze amategeko.

on

Mw’itangazo ryagiye ahabona, nuko Sentare Nkuru y’Ishirahamwe ry’ibihugu vya Africa y’Ubuseruko, hemejwe ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kitahonyanze amategeko nk’uko bamwe bavyibaza.

Ivyo biri uko mu gihe abatatri bake mu batavuga rumwe na leta y’Uburundi bavuga ko leta ya Petero Nkurunziza yahonyanze ibiri mw’ibwiriza Shingiro rya Arusha mu kureka Petero Nkurunziza akitoza ikindi kiringo bise ica gatatu mu mwaka wa 2015.

Abatari bake nubu bariko basaba ko leta y’Uburundi yoshumbushwa kubera ko ivyo yahoze yagirizwa ko yahonyanze amasezerano ya Arusha.

Ivyo ngingo ya Sentare ya EAC ije mu gihe abatavuga rumwe na leta babadanya bavuga ko ikiringo ca Petero Nkurunziza kitaciye mu mategeko kandi ko kuva kw’itorwa ryiwe mu mwaka wa 2015 habaye amabi atari make aturutse kuri ico kiringo.

Weho wakiriye gute iyo ngingo ya Sentare ya Nkuru ya EAC?

Recommended for you