NEWS

Sentare ya EAC yanse ikirego c’Uburundi kw’itorwa rya Martin Ngoga.

on

Mu gihe igihugu c’Uburundi cari citwaye muri sentare ya EAC y’Ubutungane ivuga ko itorwa ry’umuvugizi w’Inama Nshingamateka ya EAC, EALA, ariwe Martin Ngoga, yatowe mu buryo budahuje n’amategeko, iyo sentare yaraye yemeje ko Martin Ngoga agiye kubandanya mu mabanga yiwe gushika mu mwaka wa 2020.

Urwo rubanza rukaba rwasomwe ejo ku wa 02 Mukakaro 2019. Ibinyamakuru vyo mu rwanda bikaba vyatangaje n’umunezero mwishi iyo ngingo ya sentare ya EAC ku rurwo rubanza.

Igihe Martin Ngoga yatorwa muri ayo mabanga mu mwaka wa 2017, ibihigu vy’Uburundi na Tanzania bikaba  vyaciye vyikura muri yo matora kubera bitemera uko amatora yatunganijwe maze hatorwa umunya Rwanda, Martin Ngoga.

Muri ayo matora ya 2017, Uburundi bukaba bwaronse amajwi atatu naho butitavye ayo matora hamwe na Tanzania.

Mwomenya ko Uburundi nabwo busanzwe bufise Liberat Mpfumukeko nk’umunyamabanga wa EAC hama Urwanda narwo rukagira Martin Ngoga nk’umuvugizi w’Inama Nshingamateka ya EAC.

 

Recommended for you