Sunday, March 26, 2023
HomeNewsSentare y-umuryango w-ibihugu vya Afrika y-ubuseruko igiye gusasa mu Burundi.

Sentare y-umuryango w-ibihugu vya Afrika y-ubuseruko igiye gusasa mu Burundi.

Sentare y-umuryango  w-ibihugu vya Afrika y-ubuseruko igiye gusasa mu gihugu c-uburundi, kimwe mu bihugu bigize uwo muryango. Vyemezwa na Nestor Kayobera , umukuru w-iyo sentare  aho avuga ko igihugu c-uburundi kigiye kuzohagirira akarusho mu bijanye n-uko abarundi bazomenya ububasha bw-iyo sentare  hamwe n-igihe umuntu ashobora ashobora canke arekuriwe kwitura  iyo sentare y-akarere.May be an image of 1 person

Mu kiganiro yagiranye kuri uyu wa gatatu n-abamenyeshamakuru , Kayobera yemeza ko imanza 60 mu majana atatu arizo zaciwe muri sentare y-umuryango w-ibihugu vy-afrika y-ubuseruko ˮ EAC‟ zerekeye uburundi. Kiretse izomanza zaciwe, uyo arongoye iyo sentare amenyesha ko imaze kwakira imanza zishika ku majana atanu  kuva ishingwa  mu mwaka w-2001.

Nestor Kayobera akaba yabivuze mu gihe buca hahimbazwa isabukuru y-imyaka 20 iyo sentare yo mu karere ishinzwe hari mu mwaka w-2001.

Must Read